kirundi_entertainment

Masterland: yagarukiye Kuri ba ntaho nikora barwariye muri CHUK

Hari kw’ igenekerezo rya 15 Nzero 2022 Masterland n’umurwi Intahinduka Family basanzwe bakorana bari bishikiye ku bitaro vyitiriwe Umwami Khaled, mu ntumbero yo gusangira umwaka mushasha n’abarwayi.

Bakaba bari bitwaje ibifungurwa hamwe n’ivyambarwa inyuma yo kubaha ivyo vyose baronkeyeho n’akaryo ko kubaremesha.

kubwa Masterland yavuze ko ico gikorwa batakigarukirije ngaho, Ko we n’umurwi asanzwe ahurikiyemwo ngo bagiye gufata akanya bazoje no kwifatanya n’imiryango itishoboye muri kommune ya Buterere.

Masterland yanateye akamo uwo wese afise icafasha ko yofasha kuko uretse ko bitanga umugisha n’Imana iba yarabiguhaye kugira nawe ugire ico ufashije.
Ako kamo agatera na cane cane abaririmvyi bagenziwe ahi yabasavye ko batovyirengagiza gufasha abantu babona kobatishoboye

Nayo ku ruhande rw’abarwayi bashimye icogikorwa ciza bongera baranabasabira imigisha Ku Mana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,021