IKIRUNDI_newsSat-B

Sat B album igizwe n’indirimbo 15 niyo agiye kozoshira ahabona

Mu mwaka 2021, Sat _B arashima uko warangiye kuri collabo zibiri zonyene yakoze zatumye zimugeza ahandi hantu atari yiteze, akarorero zatumye akurikiranwa cane ku mbuga ng’urukanabumenyi n’ibindi bihugu vyo mu karere, (beautiful )arikumwe na Meddy kuva mu Rwanda (Hug me) arikumwe na Otile Brown kuva muri Kenya nizondirimbo zamukoreye amateka.

Kubwiwe avuga ko izo collabo arizo zatumye yongereza abamukurikirana ku rubuga rwiwe rwa youtube kubera no mubindi bihugu vyatumye bamwitaho.

Ivyamwa ntivyatevye guseruka ,mu ntango z’umwaka 2022 yaciye y’ironkera agashimwe gatangwa na youtube ku muntu abayashikanye ibihumbi 100 bamukurikirana.

Yamara ngo uwu mwaka bigiye guhinduka, agiye gusohora indirimbo nyinshi ndetse collabo yakataraboneka igiye kuboneka mu rukurikirane rwiwe agiye gushira ahabona aho hazoba harimwo n’abaririmvyi batari bake mva mahanga .

Album yiwe izoba igize iyigira gatatu kuva atanguye kuririmba
1: Inkuru y’ukuri
2: Iwacu,
iyi nayo akaba atarashobora kuyivuga izina ico tuzi nuko izoba igizwe n’indirimbo 15 ikazosohoka mu kwezi kwa Mukakaro 2022, nayo ngo Imana ikaba yamufashije
imwe muri izo ndirimbo ikaba yashoboye gusohoka igenekerezo rya 14 Nzero 2022 izwi kw’izina rya (Your day)
abicishije kuri akeza.net kimwe mu bimenyeshamakura gikorera aha iwacu yavuze ko uretse ko ari umuririmvyi asanzwe ari n’umworozi ndetse n’uburimvyi ariko arabusotera.

Tubandanye dukurikirana indirimbo yiwe “your day” ikimota ubushasha tumushigikire narirya ari indirimbo ikozwe k’ubuhinga, inaraba cane cane abageni nkuko yavyivugiye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,020