Entertainmenthomepagekirundi

MB Data ntiyayaze amasigara cicaro arabishikanye

MB data ivyasaba muri kino gihe ngo nuko yosubizwa ivyo yanyazwe harimwo n’imbuga ngurukana bumenyi kuko ngo yakoresheje inguvu nyinshi kugira bikunde page ziwe ziduge ivyo none ariko abisaba bande?

Nubwo mukuvuga atadomako urutoke, birazwi ko yamye akorana na Amir Pro aho mukuvana vyavuyemwo induru kuburyo bashikanye no mubutungane birangira Mb data atsinze.

Aho bigeze MB data ngo ubu ntakeneye umumenyeshamakuru azosubira kumubaza kuri ico kibazo atabanje kurondera abo bafitanye ikibazo kugira ababarize hamwe kuko habandanya havurwa menshi abadanya avurwa ugutandukanye, ngo ururimi gw’umwe rukamwa imfyufyu.

Mukurindira ko imbuga ziwe bozimusubiza ntacika intege abandanya ariko arakora, hari haciye indwi zibiri gusa arekure indirimbo “Nkirigita”adatevye aciye arekura iyindi”iswingi” ivyo yari yarabimenyesheje yuko agiye kurekura ibikorwa vyiwe adatevya abakunzi biwe imvugo rero yabaye ingiro.

Tubamenyeshe KO hirya no hino iyo ndirimbo” iswingi”iriko irakundwa ndetse na Big Fizzo akaba yafashe vidéo ariko arayumviriza yongera aranemeza yuko ari indirimbo yamushitse k’umutima acasaba n’abandi kubandanya boshigikira MB Data

Iyi ntambara igiye kugarukirahe?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769