footballhomepageIKIRUNDI_newskirundi_Sports

Mbappe yahawe amasezerano na Dior

Inzu ihinyanyura impuzu Dior yahaye amasezerano umwe mu bakinyi bakomeye kw’isi, Kylian Mbappe.

Mbappe ahawe amasezerano mu gihe umugwi asanzwe akinira, PSG, nawo waheruka kugiriranira amasezerano n’iyo nzu ihingura impuzu zizimvye, kugira Abe ariyo ibakorera imyambaro y’impuzu z’iteka bambara buri gihe.

Ivyo uwo mukinyi akaba yabishikirije ku rubuga rwiwe rwa Twitter Aho yasangije abamukurikirana akanyamuneza afise ko gukorana na Dior, Aho azoserukira impuzu hamwe na Perfume yabo.

 

Mbappe akaba ashize umukono kuri ayo masezerano mu gihe gushika iyi Saha hakirindiriwe kumenyekana nimba azobandanya akinira uwo mugwi wa PSG canke azohava aja muri Real Madrid umwe mu mugwi asanzwe akunda cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 846