Entertainmenthomepagekirundi

Meili ico yarariye amajoro aruhiye kugitahukana

Igenekerezo rya 9 Ntwarante 2023 niho yahaguka i Bujumbura yerekeza muri Afrika yepfo amwe mu majambo yagiye asavye abakunzi b’umuziki wiwe cokimwe n’abakunda umuziki w’Uburundi yasavye Ko bumusengera iryo higanwa aze aritahukane none kubamusengeye umunezero ni wose.

Iryo higanwa ryitiriwe “The Influential Women and Artes Awards Show .” Hari mu birori Vyariko bibera neza na neza Captown, kw’ igenekerezo rya 11 Ntwarante umurundikazi wacu yashitse amahoro nkuko yabimenyesheje ku mbuga ngurukana bumenyi ziwe, nayo ibiroro bigenda neza.

Kandundura yanatahukanye agashimwe nk’umwe mu bakenyezi bigenjeje neza mu gushinga imigambi y’iterambere.

Nta majambo menshi yarafise ashikiriza ico yavuze gusa ni:”All the Glory be to God we made it fam 🇧🇮 Tubandanye dushika #Kure caneee.”

Kubwiwe ngo siwe atsinze hasinze Uburundi n’abarundi.

Tubibutse ko Meili asanzwe ari umuririmvyikazi akongera akaba afise n’ubunwero bwiwe bwa Kijambere buzwi nka “The Key House” akaba atanga akazi ku rwaruka rwinshi.

Indirimbo yiwe aheruka kurekura yitwa “Kure” tubandanye tuyishigikira ikiba ibarizwa kuri youtube yiwe.

Akajambo kamwe ko gukeza Meili

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769