Entertainmenthomepagekirundi

Meili mugihe hariho abo vyagoye kuronka Visa wewe vyaramuhiriye

Mu makuru yacu twabashikirije twarababwiye ko muri uku kwa gatatu Umuririmvyikazi Meili azoba yagiye guserukira Uburundi muri Afrika yepfo ntibikiri amajambo rero vyagiye mungiro.

Acishije k’umbuga ngurukana bumenyi yanditse agira ati:”mwaramutse neza?? naratewe iteka n’umuziki n’abakunzi bibikorwa vyanje aho natowe nk’umwigeme w’umurundikazi kuzoja guserukira Uburundi mw’ihiganwa rizobera muri Afrika yepfo

Inyuma y’umusi umwe bahimbaje umusi mpuzamakungu wahariwe abakenyezi, Meili akaba yagize ati: ”
Uyu musi niho rero nza gufata rutemikirere nerekeza muri ico gihugu ca Afrika yepfo neza na neza Captown,
Abarundi bose n’abakunzi b’umuziki ndabasabe kubandanya mumfata mumugongo nkuko mwama hama dutez’imbere igihugu n’umuziki mwiza wacu.”

Tubibutseko ico gikorwa kizoba igenekerezo rya 11 Ntwarante nawe akaba agiye igenekerezo rya 9 ntwarante aho ni mugihe abandi baririmvyi batariko baroroherwa iyo bafise ibiteramo bibera hanze y’igihugu kubera ikibazo ca Visa aho turavuga nka Double Jay igenekerezo rya 11 Ntwarante yarikuba ari i Burayi ariko gushika ubu tutaramenya uko bimeze. Drama T
Nawe niko kwuko nyene yitezwe mumpera z’ukwezi kwa Gatanu i buraya yamara tuzomenya Ko vyakunze niyamara kuronka Visa.

Akajambo kamwe kuri Meili.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769