Entertainmenthomepagekirundi

Meili na B face umwaka bagiye kuwutangurana mugushira hamwe

 

Iyo uvuze Meili na B face mu muziki w’Uburundi ucawibuka amajambo yagiye yagiye aravurwa yuko bompi bihakanana kugira tumenye uwafashije uwundi biraduta kuw’amazi.

Ku ruhande rwa B face ngo niwe yatumye Meili amenyekana igihe baririmbanye indirimbo yitwa Insolite ya B face.

Meili nawe avugako indirimbo yiwe Arabesha niyo yatumye amenyekana ntamuntu yamudugije, mukaba muzi ko ari umuririmvyikazi yatanguye kuboneka mu muziki w’ikibiriraho munyuma acafata ingingo yokuza arasohora indirimbo ziwe Ivyo akaba atamyaka myinshi abimazemo ariko ibikorwa akora birashimwa.

Kubwa Meili ngo ibibazo vyose mwahora mufise mugiye kubironkera inyishu igenekerezo rya 1 Nzero 2023 Kuri Safi Beach bazoba barikumwe mu giteramo na B Face nimba harimwo urwanko muzobimenyera harya.

Ico giteramo kizohuriramo Meili, Emery sun na B face.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769