Entertainmenthomepage

Meili ngo Big Fizzo ntiyarakwiye kwita Umudimudimu DJ Paulin

Meili ngo abona ko Big Fizzo atarakwiye kuvuga amajambo mabi, kuko hari abatari bake hano iwacu bamuraba nk’ikiyo birabamwo.

 

Mu kiganiro ku mboneshakure TYS, Meili yavuze ko ibikorwa DJ Paulin amaze gukora ari ibibonwa na bose, kuko amaze gukura bamwe ku rugero rumwe abashira ku rundi, rero ngo kumwita umudimudimu ngo nticari gikwiye kuba ikintu ciza, Kandi ngo Si kuriwe wenyene, ahubwo ngo no ku bandi.
Uwo muririmvyikazi yabajijwe ico yovuga ku majambo yashikirijwe n’uwo muririmvyi afatwa nk’inararibonye, Legend mu congereza, ariko avuga ko ataco yoronka abivugako, kuko uburambe uwo muririmvyi afise mu Muziki ngo we atabwo agira.
Meili Kandi yanamenyesheje ko ivyo Big Fizzo yashikirije ngo ari iciyumviro ciwe, ngo kurya niko abibona nkuko n’abandi bashobora kuba babibona ugutandukanye.
Meili akaba abishikirije uko mu gihe abandi basa n’abaja ku ruhande rumwe canke urundi, canke bakabura aho begamira ariko ahubwo bagashira amakosa impande zose, zibarizwa muri izo mpari.
Ku batabikurikiranye, ikibazo casa n’icarabishwa hagati ya Big Fizzo na DJ Paulin, gisa n’icahinduye inzira, kuko ubu hinjiyemwo ishirahamwe ry’abana bavuka ku muvyeyi umwe w’umurundi, abo bakunze kwita abadimudimu, ariko bo bakiyita imvange.
Iryo shirahamwe rikaba ryasavye Big Fizzo ko asaba ikigongwe abarundi, inzira azocishamwo ngo n’inzira iyariyo yose ariko abasabe imbabazi.
Big Fizzo ngo aramutse adashatse gusaba ikigongwe, ngo nk’ishirahamwe bashobora gusaba umuvyeyi Wabo Leta ngo ahanure uwo muririmvyi Mugani Desire yarenze akarimbi mu gufatira mu kivunga aba Metis, Kandi yarafitanye ikibazo n’umwe muribo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 707