Entertainmenthomepagekirundi

Menya uko Sat-B yabaye verified Kuri Twitter

Umuririmvyi Bizimana Aboubakar karume benshi muzi nka Sat-B, yabaye uwundi murundi abashije kuronka Verification ku rubuga rwa Twitter.
Ico gikorwa nkuko amakuru dukesha urubuga rwa Google abishikiriza, cabaye ku musi wa Kane isaha cumi n’imwe z’umugoroba.

Kugira ubashe gukorerwa ico gikorwa co guhabwa ca kimenyetso bita bleu tick, ukaba usabwa na Twitter amafaranga yababa 12$, nukuvuga ayarenga Gato 36,000 fbu, akaba Kandi ariyo bazohora batanga buri kwezi kugira bakagumane.
Uwo muririmvyi akaba abaye mu barundi bake cane basanzwe bakorera hano iwacu bafise ico kimenyetso Kuri Twitter, kuko uwo muhora ukunze gukoreshwa n’abanyepolitique cane.
Hampande y’ayo mafaranga yatanzwe na Sat-B, uwo muririmvyi nawe ashobora kuba yinjiza amafaranga, abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter.
Akoresheje urubuga rwiwe rwa Whatsapp, Manager Kent p yerekanye Screen shoot y’amafaranga yinjijwe biciye ku rubuga rwa Twitter, ariko ntiyatanga icemezo ko yinjijwe n’iyo Compte ya Sat-B, iheruka guka Verified.
Iyo screenshot yerekanye ko urwo rubuga rwa Twitter rumaze kwinjiriza nyenerwo ayarenga 395,75$, arenga gato 1,200,000 fbu.
Nayo inzira vyaciyemwo, iyo Screenshot yerekanye ko ari uburyo bwa Subscription, nukuvuga uburyo bwo kuriha kugira mubone ivy’uwo muririmvyi, bitabonwa n’abandi basanzwe bamukurikirana, ariko batarishe.
50$ akaba ariyo mahera make usaba gukurako, mu gihe wamaze kuyashikana, nayo ubu bakaba bari bageze ku yari hafi 78$.
Ubwo buryo bukaba Ataribwo buryo bwonyene bushobora gufasha abakoresha urwo rubuga kwinjiza amafaranga, kuko hari n’uburyo bukoreshwa mu gucisha ama Publicite muri Video zicishwa Kuri urwo rubuga.
Aha mukamenya ko Sat-b ata Video nyinshi zikunze kuboneka Kuri Twitter yiwe, ahubwo ari amajambo gusa akunze gushikiriza kuri urwo rubuga rukurikirwa n’abagera ku 16,900, ibica birushira mu za mbere zikurikirwa cane hano iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 753