Entertainmentkirundi

Meili the key arashaka yuko ikibazo ciwe mu mufasha kugitorera inyishu

Meili ni umuririmvyikazi atamaze imyaka myinshi mu mwuga wo kuririmba ariko ibikorwa amaze gukora biragaragara ko afise umwete udasanzwe.

Tugerageje kuraba umwaka wa 2022 nubwo utararangira aguma aboneka mu biteramo bitegurwa hirya n’ino mu Burundi.

Aheruka gusohora indirimbo yiwe izwi kw’izina rya Mine ari kumwe na Ykee Benda ava mu gihugu c’Ubugande.

Kubwa Meili ngo yarabona ko hageze ko yosohora iyindi ndirimbo ariko abategura ibikorwa vyiwe ntibabibona kumwe.

Yanditse agira ati: “iyo ndiko ndaraba ibikorwa nuzuranye muri stock hari igihe numva noguma mbuza mahoro the key Entertainment my family ngo tubibasukiremwo rimwe ariko nabo bakanyibutsa ko Mine vyanse ko ibavamwo. Mushigikiye iciyumviro cabategura ibikorwa vyanje aribo the key entertnaiment canke c’iwanje? The key entertnaiment twagiye muri comentaire, ndi motivee.”

Gira ico umwishuye bivanye n’uko nawe ubibona.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 550