Entertainmenthomepagekirundi

Menya indirimbo umuririmvyi Yves Bébé yakunze kuruta izindi muri Album

Yves Bébé ni umwe mu baririmvyi basazwe baririmba indirimbo zirimubwoko bwa Gospel hano iwacu.

M’urukurikira rw’indirimbo aheruka gushira ahabona nk’uko abituyagira aratubwira indirimbo yakunzemwo kurusha izindi kwari indirimbo  “Turafise Imana” eka sinawe wenyene yayikunze kuko na benshi mu bamukurikira ibikorwa vyiwe ariyo bakunze cane be nuko yipfuza ko ubutumwa buri muri izo bwoshika kure kuko ngo ijambo rw’Imana ntirirashika henshi mu mitima y’abantu.

Mwomenya ko yaheruka gusohora urukurikirane rw’indirimbo cumi ziri mu midiho itandukanye ariko zose zikaba zihimbaza Imana, muri izo cumi, zine ziri mu mudiho wa Slow, zitatu mu mudiho w’indirimbo zihuta, zibiri nazo mu mudiho w’ikizulu nayo imwe ikaba iri mu mudiho wa Reggae.

Mwomenya kandi ko izo ndirimbo zose zisazwe ziri ku rubuga rwa Youtube rw’uwo muririmvyi Yves Bébé

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769