BurundiDevelopmenthomepagekirundi

Menya ingingo n’abakozi bagiye kwongerwa mu gitabu kigenga abakozi n’akazi

Kuri uno wa kane igenekerezo rya 17 Nyakanga umwaka w’2020, inama nshingamateka yakoranye mu ntumbero yo kwiga integuro y’itegeko risubiramwo itegeko ry’umukuru w’igihugu inomero 1/037 ryo kuwa 7 Mukakaro 1993 rigenga igitabo c’amategeko y’abakozi n’akazi, aho hari hatumiwe umushikiranganji w’ibikorwa vya Reta, abakozi n’akazi, umupfasoni Domine Banyankimbona.

Zimwe mu ngingo ziri muri iryo tegeko zashikirijwe kugira ngo zigwe, harimwo nk’ingingo yo gukingira abakozi bo mu mazu (employés domestiques) mu kubasabira amasezerano y’akazi (contrats) yanditswe, ugusaba ko aba bashaka gukukuruka mu kazi bokwongerwa imyaka yahahora ikaja ku myaya mirongo itandau n’itanu (65 ans), n’ibindi.

Ku bavyeyi baza kwibaruka basanzwe bakora mu buzi bw’abigenga nabo, iyo nteguro y’iryo tegeko ihamagarira abakoresha babo kubahemba igice c’umushahara bahora bahembwa nk’uturusho two kwibaruka (indemnités de maternité) mu kiringo cose bamara bari kwibaruka.

Mu bakozi bagiye gushirwa mu gitabu c’amategeko agenga abakozi n’akazi hakaba harimwo abakorera amashirahamwe ku gihe, abakozi bo mu nzu, abakora ibiraka, aba civils bakorera mu nzego z’umutekano no kwivuna abansi, abakunze kwitwa aba sous-traitants n’abandi.

Nayo mu ngingo zigiye gushirwa muri ico gitabu hakaba harimwo izerekeye kwiga no kumenyerezwa akazi, ibiganiro no gutatura amatati mu kazi, kwigisha imyuga abakozi bavyipfuje, kutarenza igice c’umushahara kubafata ingurane, n’izindi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768