Entertainmenthomepagekirundi

Menya ivyavuzwe kuri Big Fizzo Na Sat-B kukibazo ca babandi batinya kuvugwa

Umuririmvyi akiri muto mu muziki yemeza ko yakuze yumviriza Big Fizzo ari nawe cirore mu rugendo gwiwe ni El King adahengeshanya kuvuga akari kumutima nicokorwa kugira vyose bije mu buryo bikunde tubone izindi mpano.

Abicishije mu kiganiro Barihe tubamenye gica kuri Indundi Tv abajijwe kukibazo c’uko hari amazina yama aboneka ariko mu masamirizi ndetse n’imboneshakure ntibavuge ayo mazina ayariyo hakama hakoreshwa ijambo rimwe gusa naryo ryamaze kuba rirerire aho aho uciye hose ukumva bavuga ngo babandi nibo bama bahabwa ikibanza ariko we munyishu yatanze birinze kugorana yemeje ko ari babiri nabo atigeze atinya akemeza abaribo aho yerekwa isanamu ya Big Fizzo Na Sat-B

Yagize ati:”Cameraman n’abikorereko avyerekane kuko nibo ntakwibesha kandi bahabwa ikibanza kinini kurusha abandi navyo bigatuma nk’ejo canke hirya y’ejo batagishoboye canke bigashika bagashengera tutazoronka abandi baririmvyi baserukira Uburundi kuko ataho bigeze babategurira atanico bakoze kugira ngo turonke abaririmvyi bari kurugero rwabo.”
Ariko ivyo vyose bibera kuri media bahaye ikibanza indirimbo mvamahanga uzosanga indirimbo z’abo baririmvyi bato bato canke bagitangura badashikirwa ugasanga hazokwama humvikanamwo zazindi nyene za babandi nyene abo nabo bikavurwa ko ari Sat-B na mugenziwe Big Fizzo .
Uyo muririmvyi akarangiza asaba ko urwaruka rw’uyu musi rutocika intege ndetse n’abo baririmvyi bakuru bashirwa imbere bakanashiramwo inguvu mu gushigikira urwaruka ruri musi yabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769