homepageDonard Trumpkirundipoliticssecuritysociete

Michel Kafando yaraye asezereye kuba intumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi

Uwahoze arongoye vy’imfatakibanza igihugu ca Burukina Faso, Michel Kafando yaraye arangije ikiringo ciwe co guserukira nk’intumwa idasanzwe umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi.

Agishingwa ayo mabanga, Michel Kafando yari yahawe igikorwa co gushirahamwe no kugenzura ibikorwa vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU hano mu Burundi kugira hatsimbatazwe amahoro n’iterambere rirama mu Burundi. Ikindi gikorwa yari yahawe na ONU kwari ugufasha akarere ka Afrika y’ubuseruko mu biganiro vyariko biraba hagati y’aberwa na politike mu Burundi.

Ari mu nama nkuru ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi, kuri uyu wa gatatu uheze igenekerezo rya 30 Gitugutu 2019, Michel Kafando igihe yariko ashikiriza uko ibintu vyifashe mu Burundi yaboneyeho akaryo ko kumenyesha ko arangije ikiringo ciwe kandi asize ibintu n’ubu mu Burundi bitifashe neza.

Yamara uwuserukira Uburundi muri ONU Ambassadeur Albert Shingiro abicishije ku rubuga rwiwe rwa twitter, yavuze ko Reta y’Uburundi yakiriye ko Kafando yamenyesheje ko ikiringo ciwe carangiye co kuba intumwa idasanzwe ya Atonio Gutèrres mu Burundi. Ati : «Uburundi bwakiriye ko ikiringo ca Michel Kafando nk’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru Antonio Guterres carangiye. Asize igihugu gitekanye».

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756