BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Michou Miracle yasubiye muri Siren Vibe kwa Hosy

 

Michou Miracle ngo ikibuze uno musi mu bamenyeshamakuru bamenyekanisha imico n’akaranga hano iwacu n’ukuzana ibintu bishasha “Innovation”.

Mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru 2 barimwo n’uwutwara imboneshakure Siren Vibe Tv ikorera ku muhora wa Youtube, Michou yamenyesheje ko asubiye gukorera ibikorwa vy’ukumenyekanisha amakuru, abicishije muri iyo mboneshakure.

Michou yavuze ko yaramaze imisi mu gacerere kuko hari ivyo yarakibanza kuraba, kugira azane ibishasha muri uno mwuga, kuko ngo abatari bake ngo bariko bakora ibintu bisa.

Michou Miracle akaba asubiye muri iyo mboneshakure inyuma yaho abanje gukorana na n’imboneshakure ya Ejo Heza.

Uwo mumenyeshamakuru ari mu bakunzwe hano iwacu, akaba yemereye abakurikirana ico kinyamakuru ko agiye kubereka ibikorwa biteye igomwe.

Mwomenya ko Michou Miracle amaze guca mu binyamakuru bitandukanye, Radio et Tele Renaissance, Buja Fm, Buja Hit Tv, Siren Vibe, na Ejo Heza arico twaheruka kumubonamwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 798