homepagekirundi

Minouche ngo ntawe ariko asaba amafaranga

Abariko basabwa amafaranga n’abariko bakoresha imbuga zitirirwa Rukundo Ange Minouche ngo barabe maso. 

Uwo mumenyeshamakuru amaze igihe ku mugabane w’Uburayi, abicishije muri Video yabonetse ku rubuga rwa Magic Chanel Tv, yahumurije abagize igihe bumva ibimuvugwako.

Muri iyo Video, uwo mumenyeshamakuru yabanje kumenyesha ko ameze neza, ko amakuru bari bagize imisi bumva atariyo, anaboneraho akaryo ko kumenyesha abantu ko amaze ikiringo c’ukwezi kwose adakoresha imbuga ngurukanabumenyi za Instagram na Facebook, nayo WhatsApp yo ngo iyo yahorana amaze gushika mu mu mahanga yahavuye ihinduka kubw’imvo zitamuvuyeko, arico gituma abayifise ari abamwegereye.

Minouche muri iyo Video, yavuze ko ata mugambi afise wo gushinga urundi rubuga, kuko we na Magic Chanel Tv bari umwe. Ivyashikirijwe ko hari urundi rubuga ngo yuguruye ngo si vyo na gato.

Minouche ntiyaretse kumenyesha abamukurikirana ko arangije ivyo arimwo, akamara no kwiga neza akarere aherereyemwo muri kino gihe, ko azoca atangura gushikiriza ibiganiro bitandukanye biciye kuri Magic Chanel Tv, kugira ngo abari mu gihugu nabo ngo babone ivy’i Burayi uko bimeze.

Muri iyo video kandi ntiyaretse gushimira abakunzi ba Magic Chanel Tv bari Aho aherereye bamwakiriye neza, anashimira abasigaye ku kivi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755