kirundi

Miss Aime Gloire Nishimwe yashitse neza mu Buganda

Gloire ni icababa kigira kabiri muri miss Burundi 2022. Ni umwigeme mwiza kandi aciye ubwenge , Akaba aheruka gufata urugendo yerekeza mu gihugu c’ubuganda mw’ihiganwa rya Miss planet International ritegurirwa n’igihugu c’Ubuganda rihuriramwo abigeme bavuye mu bihugu bitandukanye.

Tubibutse yuko iryo higanwa rimaze gutahukana umurundikazi akaba arinawe bazokuranwa n’uwugiye gutorwa ubu mu 2022
nawe si uwundi ni iry Tina umu Miss akongera akaba n’umuririmvyikazi.

Kubwa Aime Gloire araremesha abarundi ngo ntibagire ubwoba baserukiwe neza akaba yashize ku rubuga rwiwe rwa Facebook amafoto yerekana yuko imyimenyerezo ibandanya arikumwe n’abandi bigeme bavuye mu bihugu bitandukanye.

Igenekezo rya 19 Munyonyo 2022 niho hazomyekana uwatahukanye iryo higanwa.

Mbega abarundikazi boba bagiye gutahukana iryo higanwa bikurikiranya?

Vyose tuzobibamenyesha ng’aha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 455