BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Miss Kelly ngo abidogera ba Miss bari bakwiye kwiyumvira kabiri

Abidogera aba Miss ko badashira mu ngiro ivyo baba batorewe, ngo bari bakwiye kwikubita agashi, ivyo bishikirizwa na Miss Ngaruko Kelly.

Kubwa Miss Kelly ngo ibisabwa aba Miss baba batowe na rirya baba bakiri bato, ngo n’umurengera. Kubwiwe ngo abumva ko abo bigeme badakora ivyo baba batorewe ngo bari bakwiye kwibaza nimba ivyo basaba uwo mu Miss w’imyaka mike nabo barabishitseko.

Miss Kelly avuga ko mu mwaka umwe bitoroha gutangura umugambi, ukawukora, ukagerageza kurengana ibibazo uhura navyo, noneho ngo ushike aho wategerezwa gushika. Kubwiwe ngo iyo utari usanzwe ukora uwo mugambi, ngo ni urugendo rutoroshe.

Miss Kelly we avuga ko igituma we yabashije gushika aho ageze, n’uko yari asanzwe yaratanguye uwo mugambi, ibibazo bimwe bimwe yari amaze kubirengana, ivyamutumye gushika ku yindi ntambwe.

Ivyo Miss Kelly yabishikirije kuri Micro za Akeza Tv, mu gihe abo bigeme bavugwako ibitandukanye ko baheruka kwifotoza gusa ariko ntibabashe gushira mu ngiro ivyo batorewe. Abo bigeme nabo bakaba bavuga ko badashigikirwa n’abo bashigikiye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775