Entertainmenthomepagekirundi

Mista Champagne ngo ntazi ico abantu bashaka ko Kajala amufasha

Mista Champagne ngo abamuca intege kuvyo ariko arakora ngo nuko Kajala atamushigikira, ngo ntatahura ukumushigikira baba bariko baravuga ukwarikwo.

Uwo muririmvyi abarizwa muri Tanzania aho yagiye gukora amasanamu y’indirimbo, Kajala, yakoze kubw’uwo mu Tanzaniyakazi, yerekanye uburyo uwo mugore akunzwe muri Tanzania ariko aramushigikira.
Akoresheje imbuga akoresha yerekanye Post y’iyo ndirimbo yiwe Kajala yashizwe Kuri Story ya Instagram ya Kajala. Iyo Post ikaba yavuga ko amasanamu y’iyo ndirimbo azosohoka ku musi wa mbere.
Uwo muririmvyi akaba yaciye aboneraho akaryo ko kubaza ubundi buryo abantu bashaka ko uwo mugore amushigikiramwo.
Aha mukamenya ko kuva ashika muri Tanzania mu bikorwa vya Media Tours ariko Kandi n’ugukora ayo masanamu hataraboneka amasanamu y’uguhura kwiwe n’uwo Mugore Kajala asanzwe avuga ko akunda bwa bara.
Mukamenya ko Audio y’iyo ndirimbo iriko irababa views 100,000 mu kwezi kumwe gusa isohotse. Ibi bikaba vyaciye biyishira ku kibanza 3 mu ndirimbo amaze gusohora zarabwe cane. Iya mbere akaba Ari Marcelina yakoranye na Big Fizzo, iya 2 akaba Ari Kinaanguka yakoranye na Kirikou akili.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769