Entertainmenthomepagekirundi

Mista Champagne yivye Bisous n’ubwoba bwinshi

Inyuma y’amezi ata kindi kivugwa mu kanwa ka Mista Champagne atari Kajala, ubu yamaze gushika i Bujumbura, none ibibazo vyatanguye n’ukwibaza nimba uwo Mugabo azoshobora kwerekana urwo rukundo yahora avugira mu ntamatama, kuko ubwoba bwo vyabonetse ko atabubuze.

 

Abantu ntibagiye gukira umuntu yitwa Mista Champagne kubera wa mugore w’umu Tanzaniyakazi Kajala Frida yamaze gushika i Bujumbura.
Mu ka Video kabonetse ku mbuga ngurukanabumenyi, uwo Mugabo yabwiye abafana ko wa mugore yaragize igihe aririmba, ahayagiza yamaze gushika i Bujumbura.
Uwo mugabo asanzwe adacikwa, Kandi azi gu profita muri Situation zitandukanye yaciye yikora ku bushapu bwiwe, aba ateye aka bisous uwo mugore agize igihe yumiwe n’ivyo Mista Champagne yikoza ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye asanzwe akoresha.

Iyi Bisous ntiyamworoheye kuko nawe mukuyitera yayiteranye ubwoba bwinshi, bikaba bishoboka ko yibaza ko atari bumwemerere.
Uwo mugore naho atari aje kuraba Mista Champagne, akaba ashobora kuzoronka akaryo ko kuba hafi yiwe, kuko uwo mugore yahoze mu rukundo na Harmonize yaje ku butumire bw’abateguye igiteramo azobonekamwo kw’igenekerezo rya 08/03/2023, aho Uburundi n’isi yose bazoba baramutse bahimbaza umusi wahariwe Umukenyezi.

Uwo muririmvyi yavuze ko ata muntu yarakwiye gupinga ikintu kitaraba, kuko musi y’izuba ibintu vyose birashoboka. Ivyo akaba yabivuze kubera Kajala yamaze gushika i Bujumbura.

Ubu rero abantu bakaba bariko bibaza nimba Mista Champagne azohava aronka akaryo ko kumwereka urukundo agize igihe avuga ko amukunda, kuko ubu ho yamaze gushika i Bujumbura, kuko aho Mista Champagne aheruka I Dar es Salaam atabashije kubonana nawe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769