BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Mkombozi agiye gusesa agafu ku vyanubayeko 

Igenekerezo rya 1/7 Indirimbo nshasha ya Mkombozi izoba igiye ahabona. Muri Iyo ndirimbo Nzeyimana Thomas ngo azogaruka ku bibazo yagize.

Nkuko yavyanditse ku mbuga ngurikanabumenyi asanzwe akoresha, ngo iyo ndirimbo izosohoka kuri uyu wa 5, izoba irimwo amagorwa n’ibibabazo yagize akigaruka mu gihugu.

Mkombozi yanditse avuga ko Kandi iyo mibabaro yagize yari yamutumye agira icipfuzo co gusubira I Mahanga, ariko kubera ngo Ukwizera kw’uwagowe kumutera kutiyahura, ngo yararemye.

Mkombozi akaba abishikirije mu gihe muri iyo misi nyene hari iyindi ndirimbo yumvikanamwo izosohoka, iyo nayo akaba ari Nyene Inzu ya Pablo Tiken.

Mwokwibuka ko Mkombozi yaheruka gushira ahabona akaririmbo kiwe haraheze amezi 3, akaririmbo yise Umugabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760