Entertainmenthomepagekirundi

#Mkombozi| Bagutaye mu muriro uri ikijumbu urasha nayo uri inzahabu urakayangana

 

Yambaye umwambaro urimwo amabara y’ibendera ry’igihugu c ‘u Burundi, ndetse afise n ‘ibendera mu ntoke Mkombozi yarabiciye biracika.


Imbere y’ishengero ry’abantu bagizwe n’abaganda, aba Ethipia, aba Somali, aba zayirwa, abanyarwanda, abarundi, ndetse n’abandi banyacubuhiro bo mu mahanga ya kure, Nzeyimana Thomas azwi kw’izina rya Mkombozi yabasigiye umugani.

Hari kw’igenekerezo rya 23 Myandagaro(08) umwaka wa 2019  aho ishirahamwe ryitaho agateka k’impunzi Inter Aid rikorera mu guhugu c’u Buganda ryari ryatunganije umusi mukuru wahariwe urwaruka usanzwe uhimbazwa ukwo umwaka utashe kw’isi yose.

Ico giteramo cuwo musi kikaba cari catumiwemwo umuririmvyi wa hano iwacu Mkombozi .
Murivyo birori vyari bibereye ijisho Mkombozi yafashe ijambo abwira abaraho ati:”kuba turi impunzi s’ikibazo, kuko ari nkuko badutaye mu muriro, nayo iyo utawe mu muriro, uri ikijumbu uraka, ariko ariko!, iyo uri inzahabu urakayangana.”
Iryo jambo rikaba ryarakoze ku mutima ya benshi maze ritanga umwizero kubo ubutumwa bwega gusumba.
Iryo jambo nyene ryaciwe risubirwamwo mu ndimi nk’urwicongereza, icarabu, ikiganda,n’ igiswahili kugira abaraho batahure neza ubwo butumwa.
Mwokwibukako umusi mukuru wahariwe urwaruka wama uhimbazwa uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 12 Myandagaro(08), uwu mwaka ukaba wahimbajwe ku civugo”Transformer l’Edication” icivugo kivuga ko twese hamwe twoshira inguvu mu gutezimbere indero n’ubumenyi mu rwaruka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769