BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Monna Walda yavuze ku bivurwa ko ari umu Slay Queen

Monna ngo s’umu Slay queen nkuko abantu bovyibaza, igituma ngo nuko we ivyo afise atabihabwa n’abagabo.

Mu kiganiro na kimwe mu binyamakuru vya hano iwacu, Monna avuga ko ubu Slay Queen bamwagiriza ataribwo, igituma ngo nuko yama buri gihe yerekana ibikorwa aba ariko arakora, murivyo harimwo kuba umu Mc mu bikorwa bitandukanye, kuba umu Mannequin n’ibindi vyinshi.

Monna yabandanije avuga ko atazokwigera yemeza umuntu ko Atari ico bibaza ko ari, Slay Queen, ngo abantu abaha uburenganzira bwo kubifata uko avyumva.

“…Jewe sinza kubwira umuntu numwe ngo ndi umu Slay queen, ubifata uko ubishatse. Ushaka kubona ko ndi umu Slay Queen bibone uko nyene, ushaka kubona kwari je biva mu mahera yanje nuko nyene… “

Uwo mwigeme akaba ari umwe mu bigeze gutorwa mw’ihiganwa rya Miss Burundi muri 2016, akaba yari uwa 2, aho yahawe ikibanza c’icababa ca 1 ca Miss Burundi. Ubu akaba aharurwa muri bamwe mu bafise aba Fellows batari bake ku rubuga rwa Instagram ruriko rurijukirwa cane hano iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775