Entertainmenthomepagekirundi

Mow Kanzie yoba ari inkoko canke?

Abantu batanguye kwibaza ikiribwa ari, kuko umukunzi wiwe yavuze ko Mow Kanzie ari ikiribwa, bamwe bakaba batanguye kubaza ko yoba ari inkoko ngo n’abo bashiremwo ukuboko mu kuzana ubugari.

Mow Kanzie asubiriye Kandi kuvugisha benshi, kubera amajambo n’amashusho bigize imisi biboneka ku rubuga rwiwe rwa Facebook.
Uwo muririmvyikazi aheruka gusangiza abamukurikirana amashusho aho yari kurya ubuzima I Dar es Salaam, abantu bayavuzeko birakomera.
Bamwe bati uramenya ko tutaravyibagira, gusa ntibashikiriza ivyo bataribagira ivyarivyo, ariko akaba yaheruka kuvugwa cane kuri ya Bikini n’ifoto ariko arabatizwa.
Abandi bamubwira ko ariko yifotoza amaguru yose ari hanze kubera ngo ivyo bamubwiye ko amaguru yiwe ari mabi, ngo noyihangane ntabo abaye. Abandi n’abo bakisabira aka Rendez-vous gusa.
Hampande y’ivyo hakaba hari n’iyindi yari yabasangije haraheze imisi, aho yariko yerekana ivyo umukunzi wiwe yamubwiye aho yamurungikira ama FOTO kugira ntaze avuge ko atabashije kuzimwereka, imbere yuko azi Posta.
Uwo muririmvyikazi ijambo bamwishuye niryo abamukurikira bavuzweko birakomera. Uwo musore yamwishuye ngo ibiribwa ngo biriko bifungura ibindi.
Bamwe mu bamukurikirana bamubajije nimba yashimye uko bamwise, abandi bamubaza ubwoko bw’ikiribwa ari, kuko ngo ashobora kuba ari nk’inkoko, none ngo n’ababwire n’abo bace barondera ikintu bita ubugari kugira n’abo bashiremwo ukuboko.
Uwo muntu, bamwe mu bamukurikirana bakaba bavuze ko uwabwirwa yari Drama T, kuko ngo niwe wenyene yokwandikirwa mu gifaransa noneho agasubizwa mu rurimi rw’icongereza.
Uwo muririmvyikazi akaba nawe nyene muri aya mezi ataretse kuvugwa cane, kuko bagarutse akatari gake kuri we na Drama T, aho havuzwe urukundo hagati yabo, ariko Kandi hanavugwa ivy’iboneka ryiwe muri iyo ndirimbo ITamporize,hamwe n’umwambaro yari yambayemwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769