Entertainmentkirundi

Mr champagne album yiwe vyose vyatunganye imukokoye

 

Mr champagne ngo kugira bikunde ashire album yiwe ahabona ntivyari vyoroshe kuko agerageje kuraba iyo album yamutwaye ayarenga imilioni 17.

Album izwi kw’izina rya confirmation igizwe n’indirimbo 12 izoshirwa ahabona igenekezero rya 25 Kigarama 2022 Kuri Blue Vip Club kwinjira akaba ari ibihumbi 50, kakazoba n’akaryo ko kwerekana video y’indirimbo imwe mu zigize album yitwa “Cherie Coco” na CD zikazohagurishirizwa.

Nkuko yabimenyesheje abicishije ku mbuga ngurukanabumenyi ziwe ngo igenekerezo rya 30 Kigarama 2022 indirimbo zose 12 zigize album azoba yamaze kuzishira ku mbuga zidandaza umuziki nka Spotify, Apple music, boomplay, Audiomac……
akazomenyesha munyuma igihe azozishirira kuri YouTube.
Ntagusiba mu guteramo rero kumushigikira.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 550