homepagekirundiSCIENCES & TECHNOLOGIESWorld News

Mu bushinwa ubu uwuguze telephone yemera ko aba scanned

Ubuhinga bwo kumenya umuntu bakoresheje phone bwatanguye gukoreshwa ku bagura aga telephone mu bushinwa.

Kuva kuri uyu wa mbere kigarama 2019, mu bushimwa uwushaka kugura agahamagazo, telephone, ategerezwa kwemera kuba Scanned kugira babanze barabe neza ko ikarata karangamuntu batanze ari iy’uwo muntu.

Ubuhinga bwo kumenya umuntu bakoresheje mu maso hiwe, reconnaissance facial, bukaba bwari busanzwe bukoreshwa muri ico gihugu, mu kurwanya ivyaha bitandukanye.

Ubushinwa bwamenyesheje ko bwabikoze mu ntumbero yo gukingira ivyaha bikirerwa ku buhinga ngurukanabumenyi, ariko bamwe mu bashinwa bo bakabona ko ari inzira yo kugira babandanye kubagumizako ijisho, surveillance.

Muri ico gihugu nyene amakuru dukesha ibinyamakuru mpuzamakungu ngo ubwo buhinga buranafasha abatari bake mu kuriha mumasoko agezweho batabanje gukora mu mifuko, kuko isura yiwe ariyo ikoreshwa noneho bakabona gukura kuri compte yiwe amahera aba ahejeje gusumisha.

Mukamenya ko ubushinwa arico gihugu ca mbere gikoresha cane ubwo buhinga kw’isi, kandi ari naco kiri imbere mu bihugu bibukora.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755