HealthhomepagekirundiNewsWorld News

Mu bushinwa umwanda mukuru niwo ugiye kuza urabwamwo ikiza ca Corona Virus 

Igihugu c’Ubushinwa catoye uburyo bushasha kandi bivurwa ko aribwo bwiza bwo gupima ikiza ca Corona Virus kigeramiye isi. Ubwo buryo butariko buvurwako rumwe n’ugupima bacishije mu gisusu.

Ubwo buryo nkuko amakuru dukesha ibinyamakuru mpuzamakungu abishikiriza ngo bwaratanguye gukoresha muri ico gihugu kuri ba mukerarugendo baba bashaka kwinjira muri ico gihugu, ariko kandi no ku benegihugu bari mu bisagara  vyasubiriye kubonekamwo uwo mugera.

Ubwo buryo ngo bwatowe n’abahinga mu bijanye n’ubuvuzi aho bavuga ko basanze uwo mugera umara umwanya munini mu gice c’epfo gusumba mu bihimba vya ruguru bari basanzwe bakoresha mu gupima.

Abantu batari bake babashije kugira ico bashikiriza kuri ubwo buryo bushasha bwo gupima bakaba babona ko bwambura icubahiro uwuba ariko arapimwa ico kiza, bamwe bakaba basenga basaba ko ubwo buryo butashika mu bihugu basanzwe babamwo.

Ubwo buryo bukaba butanguye gukoreshwa mu gihe ibisagara bimwe bimwe vyo mu bushinwa vyasubiye kubonekamwo abantu batari bake batewe n’ico kiza, ivyaciye bituma abantu batari bake basubira kandi gushirwa muri guma mu rugo.

Ubwo buryo kandi butowe mu gihe isi ibandanya kurondera urucanco rw’ico kiza ca Corona Virus, ariko hakaba hari ibihugu bimaze gutora incanco kandi zimaze gutwerwa abanyagihugu batari bake b’ivyo bihugu.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755