Entertainmenthomepage

Mugani Tresor imfura ya Mugani Desire ntiyaronse ivyo bashikiwe bahawe

Wa mwana w’umukobwa Keza Thiara aheruka kuvugwa wa Big Fizzo yipfurije musazawe, Tresor Mugani isabukuru nziza y’amavuko.

Amakuru dukesha abegereye uwo muryango abishikiriza, uwo musore akwije imyaka 23 y’amavuko yipfurijwe na mushikiwe imvura y’imigisha, Kandi ngo arindwe n’Umukama.

Amajambo ajanisha aho nyene n’iyo yashikirije na Mama Keza, nkuko Screen shot ya Status yiwe twabashije kuronka ivyerekana.

Mama Thiarra yipfurije uwo musore isabukuru nziza agira ati :” Isabukuru nziza muhungu wanje, ndakwipfurije amagara meza, imigisha ikugumeho, igutembeho, turashima Imana ikikurinze. Bagufate neza turagukunda.”

Ubwo butumwa sibwo bwonyene kuko ukubitiye ku rubuga rwa Instagram rwa Mugani Tresor hakaba hari ama Repost atari make y’abandi bamwipfurije Isabukuru nziza.

Nkuko twari tugize imisi tubona Mugami Desire yipfuriza isabukuru nziza abana biwe, Mugani Tresor ntiyagize ibakwe ryo kwipfurizwa Isabukuru nziza na Big Fizzo.

Mukamenya ko uwu musore nawe amaze kwerekana ko afise ingabire yo kuririmba. Big Fizzo akaba yigeze gushikiriza ko muri Bantu Bwoy hari Indirimbo zitari nke z’uwo musore, ariko ngo bipfuza ko abanza gushira imbere amashure gusumba gushira imbere umuziki.

Ikindi mwomenya ku batabizi, nuko Mugani Tresor ariwe mfura mu bana batari bake ba Mugani Desire, nayo umuhererezi akaba ari uwo bavyaranye na Kimana Stein umutambukanyi wiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 707