africa newsEast Africa NewsHealthkirundiWorld News

Muri Kenya abana 4000 batwaye inda muri bino bihe vy’ ikiza Corona Virus

Abana bakiri bato b’abigeme batwaye inda muri bino bihe vy’ikiza Corona Virus ngo n’umurengera nkuko amakuru dukesha ibimenyeshamakuru mpuzamakungu abishikiriza.

Abana b’abakobwa bagera ku 4000 nibo bamaze gutwara inda kuva umwaka wa 2020 utangura, ivyo bikaba vyerekanwa n’ibiharuro vya Leta ya Kenya, ariko bakaba bafise ubwoba ko igitigiri gishobora kuba ari gito kuko inda z’abana bato kenshi zitavurwa.

Imvo n’imvano ngo n’ihagarikwa ry’amashure ryabonetse hagati mu kwezi kwa 3 bivuye ku kiza ca Corona Virus cari camaze gushika muri kenya, bituma ico gihugu gifata ingingo yo guhagarika ibikorwa nka vyose, n’amashure arimwo  kugira bagerageze kugabanya ugukwirakwizwa kw’ico kiza.

S’ico gihugu co nyene cafashe iyo ngingo kuko haba muri Uganda co kimwe no mu gihugu kibanyi c’Urwanda, ama Leta yari yarafashe ingingo zo kugumiza muhira abantu bose ngo ico kiza ntikibandanye gikwirakwira mu banyagihugu.

Ivyo bikaba biri uko kandi mu gihe ico gihugu ca Kenya gifise abana b’abakobwa batari bake batabasha kuja kwishure. Ibiharuro bitangwa n’ishirahamwe UNICEF bikaba vyerekana ko abagera ku 1,200,000 batabasha kuja kwishure.

Aha mukamenya ko muri ico gihugu ca Kenya ku bana 1000 bavuka, 82 bakomoka ku bana bakiri bato. Ico gitigiri kikaba kiri mu bitigiri binini bihari kw’isi nkuko ayo makuru abandanya abishikiriza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 465