BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Ifoto ya Bigana iteje uruhagarara Kuri Twitter

Bigama Alvin nawe ntiyorohewe kuri Twitter kubera ifoto aheruka gushira ahabona kuri urwo rubuga.

Uwo munyamideri w’umurundi abarizwa mu bufaransa, aheruka gusangiza ifoto yiwe Kuri Twitter, ifoto itavuzweko rumwe kubera uburyo aboneka.

Iyo FOTO yavuzweko na benshi, akaba yari gusa, ariko akaba mu kuyishira Kuri urwo rubuga, yakatiye iyo foto musi gato y’umukondo. None abantu bari bamaze umwanya bameze amababa.

Abatari bake bakaba mu mvugo mbabarira matwi bayiteye ivyatsi, kuko kubw’abo itabereye na Gato, Naho ivyo atavyumva kumwe n’abo.

Bamwe mu bagize ico bayivugako, bakaba bifashe ku munwa, abandi n’abo bavuga ko bari bavyiteze baravye ingendo yari igize imisi imuranga.

Uwo musore Ari mu bamaze imisi bambara imyambaro y’ibigo bikomomeye mu gihugu c’ubufaransa muma Defile ahabera, akaba yaheruka kuvugisha benshi, aho yagirizwa ibintu yavuze ko bidatahuritse.

Iyo yindi saga yaheruka kumubako, ikaba yavuye ku mugufu – Chain mu kinyamazuru – yabonetse yambaye iriko umusaraba ucuritse.

Ico kimenyetso gikunze gufatwa nk’icabayoboke ba Freemason, kikaba cibajijweho, aho bamwe bamwe bibaza ko uwo musore yoba yamaze kubinjiramwo.

Uwo musore mu kwidoga ashikiriza akari ku Mutima, akaba yasangije abamukurikirana, screen shot biboneka ko yoba Ari umuntu yandikiye papa wiwe amubaza ivyiwe nyene.

Kuri iyo Screenshot uwo muntu yanditse agira ngo:” Theodo uyu si wa muhungu wawe mukuru? Ko asigaye yambara imisaraba icuritse ubwo ntasigaye Ari mu bu Freemason? Uraraba neza ntabe asigaye aja mu kuzimu muri vya bintu twumva.”

Nawe ntiyahoze, kuko yaciye yakira agakaramu yibaza uko bigenda ngo umuntu akwagirize ibintu bivanye n’uko wambaye, nuko atambuka, bigatera ikibazo abandi Bantu.

Yagize Ati : ” Rimwe na rimwe ndibaza nti mbega umuntu ashobora kuba jugé bivanye n’uko yambara, nuko atambuka? Bigatera ingorane abandi Bantu? Burya dufise ingorane zitandukanye.”

Naho biruko, uwo musore akaba yagiye yishurana na bamwe bamwe Kuri iyo Twitte yarimaze kurabwa n’abarenga 40,000 mu misi mikeya gusa, mu gihe abamukurikirana badashika 1000.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 758