EntertainmentIKIRUNDI_newskirundiUncategorized

Mutima ibisabo vyiwe vyarumviwe none ngo twitege igiteramo c’agakura

Ngo mu musanze in boxe mu mubwira ngo Mutima turagukunda ni vyiza cane, biraboneka Ku mbuga ngurukanabumenyi, ariko rero ngo muze muhurire muri Edition yambere yiwe ya Twenga na “Mutima Show”  kuri Ingo bar mu bimwereke neza.

Kwinjira ni 5000Fbu , muri VIP ngo ni 20.000 nayo intererano ngo ni100.000 ni Kaze 

Inyuma y’agacerere kanini Ibiteramo bitarangwa mu Burundi kubera ikiza Corona virus ,

imyidogo yari myinshi ku banyabuhinga batandukanye aho twovuga abaririmvyi,abanyarwena nk’abatamvyi…..
kubera mu biteramo ariho bakura amahera bari barashomereye.

 

 

Minani Flery mwamenye cane nka Mutima le Comédien, igihe yahawe akanya ko gutwenza Umukuru w’igihugu narirya gutwenza ariwo mwuga wiwe, yaronkeyeho n’akaryo ko gusaba Umukuru w’igihugu Ko yoraba nabo bakugururirwa ibiteramo…yarasiguye neza ko inzara yabaye nyinshi amadeni yabaye umurengera kuko aho bisumamwo ari muri ivyo biteramo nyene.

Ntihaciye igihe kinini amarira yabo yaciye yumvirwa ubu ibibanza vyokwinezerezamo hafi nka vyose vyaratanguye gukora.

Mutima le comedien nawe ngo mu mwitege igenekerezo rya 25 Ntwarante 2022 kuri Ingo Club igiteramo citiriwe “Twenga na Mutima show” kizoba kibaye ku ncuro yaco yambere ngo kikazoza kiraba uko imyaka izogenda irakurakurana canke akarenga rimwe ku mwaka

Uretse Ingo live Band bamaze kumenyekana ko bazoba bari kumwe ngo turindire ama surprise tuzomenya abazoba bahari .

Tubibutse kandi Ko Mutima le comédien muri Kino gihe ari umuserukizi w”ishirahamwe ry’unguruza abantu Wasilii

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 579