Entertainmenthomepagekirundi

Mutima le Comédien muvyo yasavye Umukuru w’igihugu harimwo n’ i foto

 

Atavyo kwihinguza ubu abanyabuhinga n’ubumenyi bafashwe neza kubera Umukuru w’igihugu atawe arinda gutuma yishikira mu kibanza bakibonanira imbonankubone, bakaronka n’akanya ko gushikiriza ibibazo vyabo.

Igenekerezo rya 10 Ruhuhuma 2023 kuri Jardin public hari hatumiwe Vichou love,B Face,Mutima n’urundi rwaruka.

Mutima le comédien aronse akanya ko gushikiriza ivyipfuzo vyiwe yasavye ko nabo boshigikirwa cane cane abanyamitahe bakabashiramwo amafaranga n’amasaha y’ibiteramo akongerezwa kuko ngo niho bakura amahera yubufu, yongeye ara nakeza Kigingi ko ari mubakoze ibishoboka vyose kugira uno musi umwuga wabo wo gutwenza uhabwe agaciro mukurangiza yaciye asaba ko Umukuru w’igihugu yobemera bakifotozanya kugira basigarane ifoto y’urwibutso.

Ivyo yasavye vyarakunze kuko irya n’ino ku mbuga ngurukana bumenyi turiko turabona ifoto igaragarako Vichou love,B Face na Mutima le Comédien.

Mbega n’ibindi vyose yasavye tugiye kubona bishizwe mu ngiro? Tubibutse ko yigeze gusaba ko ibiteramo vy’ugururwa k’ubanyabuhinga vyari vyugawe kubera ikiza ca corona, ntibwakeye kabiri ikibazo caciye gitorerwa inyishu abanyabuhinga bararonka akoyoko

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769