Uncategorized

Mutima le Comédien vuba ivy’Ubugeni yagiye akina na Alice agiye kubitangira umuco

Minani Fleury azwi kw’izina rya Mutima yama yivugira ko bitari vyoroshe kugira uno musi izina ryiwe rimenyekane kuko abamuca intege bobo ntibabura, ariko kandi ngo ni navyo vyamutumye akomera.

Mutima le comedien ubu aho ageze umwuga wiwe wo gutwenza uriko uramubeshaho amashirahamwe atandukanye yaramwizeye ngo bakorane mu ntumbero yo kubamenyekanishiriza ivyo bakora, nawe akaronka amahera y’ifu.

Fleury aheruka gutorwa kuba umuserukizi w”ishirahamwe ry’unguruza abantu ( Wasiri).
Kubahora bama babona ibikino vy’ubugeni bwa be na Alice Mutima yahavuye yerekana uruhande ahagazemwo neza agirako anatangaza igenekerezo ry’ubugeni.

Abicishije ku mbuga ngurukanabumenyi ziwe asaba ko uwo wese azoza mu bugeni bwiwe asabwe kw’iyunguruza akoresheje( Wasiri)
ico sabwa n’ugushira application Wasiri mw’iterefone yawe bigaca vyoroha kuvugana nabo muri iryo shiramwe.

Ubwo bugeni bukaba butegekanijwe kw’ igenekerezo rya 12 Ntwarante 2022 yamara ngo hatumiwe uwahawe ubutumire kuko kw’injira uzosiga ubutumire ku muryango vyemeza kowatumiwe.

Indundi magazine tukaba tumwipfurize ubugeni bwiza .
no kuroranirwa mu rugo rwiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55