kirundiIKIRUNDI_news

Mutima le comédien yihanije yihanikiriza abamwiyitirira ku mbuga ngurukanabumenyi

kwitwa icamamare bikundwa na benshi ariko si igikorwa coroshe kuko kwubaka izina bisaba inguvu nyinshi,izo nazo nizo Mutima yakoresheje kugira uno musi tumumenye n’ibikorwa vyiwe tuvyiteho.

 

Mu makuru yacu twari twabashikirije twababwiye ngo agira akore ubugeni igenekerezo rya 12/3/2022 yamara ntibwakeye yaciye asivya ubugeni ibintu vy’imboneka rimwe vyatangaje benshi ariko kandi vyabaye ngombwa ku mutahura, nimba aribwo buryo bwiwe bwokubandanya akurikiranwa narirya ari nawo mwuga wiwe wogutwenza abantu mubintu biba biboneka ko bidashoboka kugira bidutwenze twongereza n’imisi yo kubaho.

Mutima arihaniza abantu bariko barakoresha izina ryiwe ku mbuga ngurukanabumenyi mu kwigira Mutima
kuri Instagram uwukoresha Izina Mutima le comedien 257 uwo ngo n’umuntu yamwivye compte yiwe kandi amaze kuvugana nawe mu burwa neza biranka aho bigeze ubu araronderwa nayo uwuzomutora wese asabwe guterefona muri Wasili agashimwe gashimishije karategekanijwe kuri 75136 136.

Tubibutse ko Inyuma yo gukorana na Kigingi na Sat-B
Ubu Ishirahamwe ry’unguruza abantu (Wasili) umuserukizi waryo ari Mutima le comedien.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 456