activity-at-messageBurundidutwengeGospelIndundi Cinemakirundi

Mutima le comedien yoba afise iyindi mpano

Yamenyekanye cane mu gutwenza abantu abicishije mu kiganiro yikinana kuri telefone (Allloo uri Maweee!, sawaaaa!, Ndaryaaaaa!,…..), mu nyuma aboneka mu masanamu atwenza abantu abicishije mu majambo anyuranye, Mutima le comedien ngo afise n’impano yo kuvuga ubutumwa bwiza.

Muri kino gihe bamwe mu bavuga butumwa bo mu gisagara ca Bujumbura bakaba bijukiye ku mutumira kugira yigishe ijambo ry Imana ma mashengero yabo.

Aho bukera kw’igenekerezo rya 08 Munyonyo akazoba yishikiye kw ‘ishengero Hop of Glory Church mu Kanyosha aho azoba yitabiriye ubutumire mwenubwo .

Abajijwe na indundi Magazine ko ayo mabanga abiri yoba abangikanywa, yatumenyeje ko atari bishasha kuri we, ahubwo agiye no ku bikomeza kuko izo mpano azibitseko zompi, nayo mu misi ya vuba ngo agiye no kubandanya amashure y’isumbuye, akaba agiye kubarizwa muri kaminuza y ‘umwizero(hop university) mu gisata ca Theology.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 508