homepage

Guhingura imigeto,”umwuga muto” ubeshejeho imiryango

Bamwe mubasanzwe bahingura imigeto muri komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura basaba gushigikirwa kugira umwuga wabo ushike kure.Abo bakora imigeto basaba kuronswa aho bakorera gutyo kandi harwizwe n’ibiti vy’imigano basanzwe bahinguramwo iyo migeto.

Abo bahingura imigeto mu gice ca Tenga Local umutumba wa Tenga Gahwama Zone Rubirizi komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura ,aho Mvukabanka Emanuel arikumwe n’uyundi murwi utari muto ,n’umwete mwinshi  bicaye ku tubuye yemeza ko bagitangura kuyikora  kwari ukwiyungunganya.

Uyo mukurambere muri abo bakora imigeto ngaho aranavuga ko kuva batanguye ivyo bashobora kubaho bakabeshaho n’imiryango yabo.

Yamara abo bakora imigeto mu biti vy’imigano bavuga ko ari akazi katoroshe.Muri abo bakora iyo migeto kandi harimwo abakenyezi, Jacqueline Kaneza akerekana ko iyindi ngorane aruko iyo bakoze bagashobara ,bishika kenshi ko babura ababshorera hamwe n’uko naho bakorera hadashemeye kuko imvura bishika igahungabanya ibikorwa vyabo .

Abo bakora imigeto bemeza ko idashorerwa kw’isuko y’Uburundi gusa kuko no mubindi bihugu bibanyi bayikorako bakabonta ko boshigikirwa hanyuma hagaheza hakarwizwa ibiti vy’imigano kuko bitaboneka hose.

Aha Ikindi n’uko abo basanzwe bakora imigeto mu migano,basanga atacotuma hari aboba bacibaza ko hari  ibikorwa bigenewe abagabo n’abagore muri ibi bihe vya none .Nk’uko vyemezwa na Jacqueline Kaneza.

Amakuru atangwa n’abakorera mu gisata c’abantu yemeza ko ikoreresha ry’imigeto y’ivyuma  ishobora kubangamira amagara y’abantu ,ari naco gituma ari ngombwa ko hashirwa inguvu mu kurwiza imigano yifashishwa mu gukora iyo migeto  kugira imigeto y’ivyuma ive kw’isoko Burundu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 668