BurundiEconomyhomepagekirundisociete

Naho kitakaze cane mu Burundi, ngo hariho abo casizemwo imvune

Ikiza ca Coronavirus n’aho kitafashe abantu benshi mu Burundi ngo caratumye abakozi n’abakoresha bo mu mashirahamwe atandukanye bagira ingorane. Akarorero ni nko gutakaza ubuzi bwabo kubera ayo mashirahamwe yahomvye ndetse n’ayugaye.

Melance Hakizimana, icegera c’uwurongoye urunani mpuzamasendika COSYBU yabivugiye mu ruganda rwo kurabira hamwe inkurikizi z’ico kiza ku butunzi n’imibano, ruheruka kubera i Ngozi inyuma y’ibiganiro baheruka kugira n’abakozi n’abakoresha bo mu ntara 8 z’Uburundi.

Uwurongoye COSYBU asaba leta gufasha ayo mashirahamwe yagize ingorane bivuye kuri ico kiza kugira asubire gukora neza.  Abanywanyi b’amasendika abahamagarira gukurikiza ivyo basabwa na leta mu kugwanya ico kiza ca Covid-19.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 767