Entertainmenthomepage

Natacha aciye mu Burundi asa n’uwurengana

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 7 Gitugutu 2023, umuririmvyi Natacha Burundi niho yakirwa ku kibuga c’indege ca Bujumbura, aho yari aganutse avuye mu Butariyano .

Mu majambo yashikirije, yabanje gushimira abanditsi n’abamenyeshamakuru ku kuntu bamwakiriye, yongera arashikiriza ivyurugendo yahoramwo mu Butariyano, uretse ko asanzwe ari nko muhira ku mvo zuko ariho umugabo wiwe avuka.
Iciyongeyeko ni uko yaragiye no kugura ikibanza canke inzu ibintu atarashima kuvuga neza, ngo azogira ico abivuzeko mu mwaka uza wa 2024, neza na neza mukwezi kw’icumi.

Yamara ngo n’ubwo ariho agishika mu Burundi, arategura urundi rugendo mw’ijoro ry’igenekerezo ry’ 8 Gitugutu, ruzomushikana mu gihugu co muri Afrika atashimye gutomora neza, akazomarayo indwi imwe. Agarutse mu Burundi azoruhuka iyindi ndwi imwe, ace asohora indirimbo yiwe yakoranye n’umuririmvyi wo muri aka karere atarashima kuvuga.
Ugerageje kuraba ikiringo yatanze, indirimbo yiwe ishobora gusohoka igenekerezo rya 21 gitugutu 2023.

Yarangije asaba abarundi gushigikira ibikorwa vyabo kuko ngo hari abaririmvyi bitanga cane, bareke kubarutisha abanyamahanga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 705