BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Big Fizzo agiye guteturura abafana biwe

Agahinda k’abafana batari bake ba Big Fizzo, kagiye guhera, kuko Indirimbo ya mbere ya Big Fizzo ishobora gukwiza Views 1,000,000 umwanya uwariwo wose.

Mu kiganiro Big Fizzo yaheruka gutanga aha bagenzi bacu bakorera Kuri YouTube, uwo muririmvyi yavuze ko Burya urubuga rwiwe rwa YouTube rwari rufise akabazo, arico gituma indirimbo ziwe zitabasha gukwiza Views 1,000,000.

Abatari bake, cane cane abatamwerekwa bakaba batavyemeye kuko bavuga ko uwo muririmvyi ashaka kwikurayo gusa, kuko ariko arushwa ama Views n’abana yareze. Abandi bashima kumera nka Thomas, ngo bazovyemera babibonye.

None Indirimbo yiwe ya nyuma aheruka gusohora, SUPERMAN, mu misi mike irakwiza Views 1,000,000 Kuri rwa rubuga bivugwa ko rwakize, kuko yahinduye abamufasha gukwiragiza ibikorwa vyiwe.

Iyo ndirimbo isigaje imisi iri musi y’indwi 2 ngo ikwize amezi 2 isohotse, uno musi igeze ku bamaze kuyikurikirana barenga Gato 800,000 Kuri urwo rubuga rwa YouTube ruharurwako abagera ku 151,000 barukurikirana.

Iyo ndirimbo ya Mugani ikaba izoba ibaye iya mbere mu ziriko zirababa 100 zibarizwa Kuri urwo rubuga rwiwe rwa YouTube, ikwije izo Views, kuko gushika ubu iyahora ifata ikibanza ca 1 yari Gout Yanje yari igeze ku bayikurikirana 685,000 mu myaka 3 imaze.

Kuva iyo ndirimbo Superman ifata ikibanza ca 1 Kuri urwo rubuga, Big Fizzo nta kintu na kimwe aravuga, uhubwo akaba Ari abafana biwe babandanya bavyerekana. Ubwo tukaba twiteze ko niyakwiza izo Views, azoca agira ico avuze.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 781