homepagekirundi

Nelly Net ngo azokwitwara ku mukuru w’igihugu

Mu gihe kuri uyu wa 2 hiriwe amakuru y’ukwitwarirwa kwa Wiz Designer na bamwe mubo baheruka gukora igiteramo ariko nticagenda nk’uko bavyipfuza, Nelly Nat we avuga ko we agiye kwitwara ku mukuru w’igihugu.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Whatsapp urusanzwe rumenyerewe gucishwako ivyiyumviro vyiwe ku biba biriko biraba mu Muziki, yagarutse kuri ico kibazo, aho abona ko uko kiriko kirakemurwa atariko vyokozwe.

Nelly Nat abona ko abajejwe ubutungane bakira ama Dossiers y’abo baririmvyi n’abo bahuje umwuga ngo nabo ngo bariko bakora amakosa.

Nelly yashikirije ko agiye kuzobishikiriza Umukuru w’igihugu mu kiganiro asanzwe atanga, aho abenegihugu bamuhamagara bakatura akababakiye.

yagize Ati : “Jewe umusi Umukuru w’igihugu yatanze ikiganiro ku banyagihugu nzoterefona ndenoncer ama zone n’ama Parquet hamwe n’ama Station ya Police y’ama yakira dossier z’uburofa z’abasani kuko trop c’est Trop. Nukuri kwa mungu nzobikora, kuko bibandanije uku ni hamwe tuzovyuka tukumva ngo tel artist yagize ikibazo tutazi ivyarivyo please nzoterefona Umukuru w’igihugu kuko abaririmvyi babandanije bakubagurwa nk’uko ejo bizozibirira iterambere ry’umuziki.”

Nelly akaba abishikirije mu gihe nawe amaze kurengutswa imbere y’ubutungane akanapfungwa, aho we yagirizwa ibijanye n’ukwambikana ibara kuko harimwo ugutukana hamwe n’umwe mu migwi y’abamenyemakuru bakomeye basanzwe bakorera ku mbuga ngurukanabumenyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755