Entertainmenthomepagekirundi

New Level|Divine light ubuho agarutse ku rundi rwego

Divine light n’umuririmvyikazi aririmba indirimbo zininahaza Imana mu mateka yiwe ngo ivyo yaciyemwo nivyo bimukomeza bituma aja kuyindi ntambwe mwibaza ko ariyihe ntambwe yateye ?

Yatanguye kumenyekana ku ndirimbo yiwe “Nteranjimbere “aho mukiganiro yakoranye na Indundi Tv yavuze ko atarota asubira inyuma abamushigikira batazomaramara nubwo ibintu bitari bwagende neza.

Ico yavuze yaraye agishikanye imbere y’abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 12 Ruheshi 2023.
Mu kibanza hasanzwe c’ ishengero Holy center yarashimiye cane abarongozi b’iryo shengero, na cane cane Apôtre Jean Paul Manirakiza yuko akora ibishoboka vyose kugira abandanye aja kuyindi ntambwe .

Abari bishikiye muri ico kibanza baronse akaryo ko kuraba indirimbo ya Divine light igira 2 yise “New level” , ntawagiye agaye bose barikuguye iyo Ndirimbo.

Impano yuwo muririmvyi yaratangaje benshi bagiye baranamusabira kuguma ashikamye ijwi ryiza afise amajambo meza yandika ategerezwa gukiza imitima ya benshi kw’isi yose.

Indirimbo “New level”ibarizwa kuri you tube Nyaragasa tuyiyumvirize n’amatwi yacu nimba umaze kuyumviriza wewe wayakiriye gute?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 753