Entertainmenthomepagekirundi

Big Fizzo na Sat-B ngo ntibazoboneka muri Concert yo gushigikira Musumari

Abaririmvyi Big Fizzo na Sat-B boba bikubise agashi bagashigikira umwe mu baririmvyi akitswe n’amagara, inyuma yaho bidogewe na Baouden kuko ngo batabashije kumushigikira mu kibazo yarimwo, cahatswe kumwinjiza Ibohero rikuru rya Mpimba. Ariko akaza kuhakurwa na Drama T yamurihiye ayarenga 400,000 ngo arekurwe.

Igenekerezo rya 21/6 hategekanijwe igiteramo co gushigikira umuririmvyi w’umurundi wa kera akitswe n’amagara, kugira abashe kwivuza.
Ishirahamwe Cooperative Des Musiciens du Burundi, ritwarwa na Cedric Bangy rikaba ariryo ryaciye rifata mu minwe ico gikorwa co gutegura ico giteramo.
Abaririmvyi n’imigwi itari mike yarabashije gutumirwa ngo izoje guteramisha kugira habashe kwegeranya iyo mfashanyo yo gufasha umuririmvyi Musumari. ariko hakaba hari abatazobasha kuhaboneka nkuko uwo muririmvyi yabishikirije.
Mubo twabashije kubona ku rubuga rwiwe rwa Facebook yavuze ko batumiwe, harimwo Imigwi nk’ihunja, Dunia Abedi n’umugwi atwara, umuririmvyi Claude Mpozenzi bakunzi kwita Limadin, Kijanya, Terry West, Big Fizzo, Sat-b n’abandi.
Muri ico gitigiri kitari gito, hakaba hari bamwe bamwe batazohaboneka, nka Big Fizzo, Sat-B na Kijanya nkuko twabashije kubibona ku rubuga rwa Cedric Bangy.
Ukwo kutazohaboneka ngo bikaba bitatumye abo baririmvyi batabasha kugira ico bakoze Kuri uwo muririmvyi mugenzi wabo, kuko bashimye gukora ku w’inyuma ngo babashe gushigikira uwo wundi muririmvyi akitswe n’amagara.
Nkuko vyabonetse muri Commentaire abantu batari bake bakaba bashimye kuba uwo muririmvyi bagiye kumufata mu mugongo, bakaba bavuze ko iyo ngendo ariyo yarikwiye mu baririmvyi b’abarundi.
Naho bamwe bashimye, hari abandi n’abo riniga, kuko uwo mugirwa utakorewe abandi baririmvyi batari bake bamaze kwitaba Imana, bamwe mu bagize ico bashikiriza bakaba bagarukanye umuririmvyi Saidi Brazza aheruka kwitaba Imana. Akaba yaramaze umwuka wa nyuma mu bitaro mu ntara ya Ngozi, aho yaramaze igihe ari ku musego.
Cedric Bangy asanzwe ari mu baririmvyi batazi kwiyumanganya, akaba yaciye agirako amusubiza ko yarakwiye Gushima n’ivyo babashije gushikako, kuko ngo umuririmvyi w’igihangange yareze abatari bake mu b’ubu, Canco Amisi, ngo ntiyabashije gukorerwa nkivyo.
Iki kibazo c’abaririmvyi bagwara bakabura gitabara Kandi batabashije gukorera igihugu, kikaba cidogerwa na benshi, kuko Indirimbo canke ibikorwa aba baririmvyi bakoze, vyabashije gukoreshwa n’igihugu igihe kitari gito.

Abaririmvyi n’abandi banyabuhinga nk’abavuza ingoma, muri iyi myaka 5 iheze, hakaba hamaze kwitaba Imana abatari bake, Kandi bose bakaba ata kindi bazira atari ukubura uburyo bwo Kuja kwivuza.
Aba baririmvyi bakaba bafise ibikorwa vyabo, bitari bike vyabashije gukorwa, ariko ivyo bikorwa gushika n’ubu ata kintu na kimwe biriko birabinjiriza, Kandi imbuga zigurisha umuziki zugururiwe bose, mbere no kuzishiraki rimwe na rimwe ari ku buntu.
Aba baririmvyi 2, Big Fizzo na Sat-B, bakaba bagerutsweko mu gihe mu misi iheze, hari umwe mu baririmvyi yari agira atwarwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, yabidogeye ko batabashije kumuba hafi kandi barakoranye, ariko Kandi bavuga ko bafise amahera.
Baouden ,ico gihe akaba yashimiye cane umuririmvyi Drama T yabashije kumufunguza amurihiye amafaranga angana n’100$, angana n’400,000 fbu y’ico gihe.
Abafana nabo nyene bakaba baragaye ko abo baririmvyi b’ibihangange batabashije kwishira hamwe ngo babashe gushigikira bagenzi babo batabashije Gutera imbere mu Muziki, Kandi bavuye hamwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 753