footballhomepageIKIRUNDI_newskirundi_Sports

Neymar ayo bamuhemba n’ayo bamuguze PSG baramaze kuyunguka

 Umusatirizi w’umugwi w’abafaransa PSG, akomoka muri Bresil, Neymar ngo amafaranga uwo mugwi wamutanzeko waramaze kuyunguka.

Imiliyoni zirenga 448 z’amafaranga ya buraya niyo ngo uwo mugwi wasohoye kuri uwo mukinyi, arimwo izirenga 222 zamuguzwe, hamwe n’umushahara wiwe.

Uwo musore nkuko amakuru ava mu binyamakuru vyo ku mugabane wa buraya neza neza I Madrid, ngo uwo mugwi woba waramaze kwinjiza ayo mafaranga.

Ikinyamakuru Macra kikaba kimenyesha ko ku mwaka wa mbere babashije kwinjiza amafaranga angana n’imiliyoni 400 z’amafaranga y’amanyaburaya.

Ico kinyamakuru kikaba camenyesheje ko ayo mafaranga bayakuye mu masezerano babashije gukorana n’amashurahamwe atandukanye arimwo na na Nike.

Mwomenya ko uwo mukinyi nyene Ari mu bakoze ibikomeye kugira umukinyi Lionel Messi ajanywe muri uwo mugwi wa PSG.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 846