homepage

Burundi: Vital’o FC yatahukanye igikombe ca Primus League ku ncuro yayo ya 21

Ibirori bisozera ihiganwa ryo mu c’icaro ca mbere ryitiriwe Primus League,vyabaye ku musi w’Imana Igenekerezo rya 21 Ndamukiza 2024 igihe c’isaha icenda z’umurango ( 15h00) ku kibuga Urunani mu ntara ya Cibitoke .Inyuma yaho umugwi w’igiporisi c’Uburundi Rukinzo wari wakiriye umugwi Vital’o FC mu rukino rw’indwi ya 28 mw’ihiganwa rya Primus League,urukino rwarangiye ku ntsinzi ya Vital’o y’ibitsindo bibiri kubusa.

Urwo rukino rwasaba Vital’o FC kuronka inota rimwe (1) canke amanota atatu (3) kugira utahukane igikombe ca Primus League co mu mwaka 2023 ushira 2024, ivyo Navyo Vital’o FC ikaba yabikoze kuko iminota 90 y’urukino yagiye kurangira imigwi yose inganije ibitsindo 2-2 .

Rukinzo niyo yatanguye kwinjiza igitsindo ca mbere ku munota wa 40 w’urukino biciye kuri Destin Maniriho , asubira kandi yinjiza igitsindo ca kabiri ku munota wa 45 w’urukino, igice ca mbere kirangira Rukinzo iri imbere ku bitsindo 2 ku 0 bw’umugwi Vital’ OFC.

Mu gice ca kabiri c’urukino Vital’o FC yagarutse n’izindi nguvu zidasanzwe yinjiza igitsindo kimwe (1) ku munota wa 51 w’urukino biciye kuri Nshimirimana Jospin , mu gihe igitsindo co kugombora ari naco ca kabiri ca Vital’o cinjijwe na Fred Niyonizeye ku munota wa 65 biciye ku mupira w’umuterekano, urukino rurangira ari ibitsindo 2-2.

Vital’o FC ikaba itahukanye igikombe cayo kigira 21 mw’ihiganwa ry’icicaro ca mbere Primus League, inyuma y’imyaka 8 yari ihaciye.

Vital’o Fc Yaciye Ikwiza Amanota 69 MugiHe Hasigaye Inkino Zibiri Kugira Ihiganwa Rirangire, Ukaba Usumvya Flambeau du Center Y’igitega Amanota 6, Naho Wotakaza A Kuko Watsinze Flambeau du Center Mu Nkino Za huje iyo murwi ibiri.

Ukaba waronkejwe igikombe hamwe n’amafaranga imiriyoni 35 z’amarundi ( 35.000.000 Fbu)

What's your reaction?

Related Posts

1 of 669