BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Ng’ibi ibidasanzwe biriko birashikira Dj Fanny inyuma yo kuguma ahezagirwa mu bikorwa vyiwe

NYAMURANGWA Fanny benshi bazi nka Dj Fanny ni umwe mubamenyeshamakuru bo murunganwe rushasha bagerageza kujana n’ibihe kandi bakabishiramwo inguvu naho intambamyi zitabura mubuzima bwa misi yose nkuko abivuga.

Dj Fanny257 ni umwigeme yamenyekanye cane mukiganiro ZINAZO PENDWA biciye kuri Radio na Tereviziyo vy’Igihugu ariko aza gukundwa na benshi mubiganiro bitandukanye yagiye arakora kuco bita Tv Online n’ukuvuga Imboneshakure zikorera kurubuga ngurukanabumenyi iyo mboneshakure nayo niyo yise izina ryiwe ry’ubuhizi Dj Fanny257.

Mungendo zigiye zitandukanye NYAMURANGWA Fanny yagiye arakora harabaye cane ukugendera igihugu ca Tanzaniya mukugenda araca mubituro vy’Amaradiyo atandukanye ndetse hakabamwo ugusaba ko hoba ubucuti hagati y’umuziki w’Uburundi n’igihugu ca Tanzaniya aho nkuko abivuga yagiye aratanga indirimbo zitandukanye z’Abarundi habamwo izo bemera nizo bashira kuruhande.

Inyuma yuko hagiye harabaho ihindagurika ridasanzwe kurugendo rwiwe inyuma yo kubura umwe mubo bafatanya ibikorwa bitandukanye ndetse baka bari mubuzima bw’urukundo nawe ariwe Jay Cena muri Life Maisha, ni Fanny yacitse intege asa n’uwihebuye ariko munyuma arahagarara avyifatamwo nk’umusirikare kurugamba yiha intumbero maze nawe arayishikako aho habonetse Studio y’akarorero itandukanye n’izo dukunze kubona hano iwacu.

Dj Fanny kuva aho aronkeye iyo Studio ubina ko isa neza kandi y’Akarorero abandanta ahezagirwa n’Uhoraho nkuko avyivugira, ubona ko ihinguriro ry’ibinyobwa Crown Royal ryamugize Brand Ambassador wiryo hinguriro aho ubona bazoza barafashanya mukumenyekanisha ibinyobwa canke ibidandazwa vy’iryo shirahamwe.

Ku wa gatanu uheze niho iryo shirahamwe ryari ryaramutse rishira ahabona ishirwa ry’umukono ku masezerano yo gukorana niyo mboneshakure y’uwo mwigeme aho bashimye kwereka ayandi mashirahamwe ko hageze ko dukunda ivyacu no gushigikira ibikorwa Abamenyeshamakuru bariko barakora cane cane bo kumatereviziyo bita Tv Online.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775