Entertainmentkirundi

Ng’iki ikintu abanya Rumonge Bantu Bwoys igiye kubakorera

Inyuma y’ibiteramo bibiri  Label ya Bantu Bwoy yaheruka gukora kimwe mu ntara ya Ngonzi icitabiriwe nabakunzi bataribake b’umuziki ikindi mu ntara ya  Gitega ubu hagezweho Rumonge.

 

Kumusi wi Laidi niho label yose ya Bwantu bwoys izoba yishikiye muri iyo ntara guteramisha abakunzi b’umuziki baho ivyo bikaba biriko bigaragara inyuma yaho hamenyekaniye ko kizigenza wiyo Label ariwe Big Fizzo agiye gushira ahabona album  ziwe zibiri nshasha  arizo Desideratus na Legendary, nkuko bivurwa niyo Label zizoba ari album zirimwo indirimbo nshasha nizimaze gusohoka akaba azozishira ahabona kw’igenekerezo rya 12Ruheshi munyubakwa za IFB ahahoze hitwa EX CCF aho ubona ko nibiciro vyo kwinjira muri ico giteramo bazoriha amafaranga aboneka ibitari bimenyerewe mumuziki Ndundi atamunyamahanga arimwo.Kw’injira akazo ari ibihumbi 50.000 mukibanza gisazwe nayo  mukibaza c’iteka akazoba ari ibihumbi 100.000 ,naco murikimwe bakunze kwita  VVIP akazoba ari ibihumbi150.000 aha hakazoba harimwo nivyo gufungura nukunwa nurico kimbanza.

Ariko mwomenya  imbere yuko ivyo bizoba nuko Bantu Bwoy izobanza gusimbira mu ntara ya Rumonge kumusi wi Laidi guteramisha abanya Rumunge  mugiteramo kizobera kuri Stade Rumonge ariko hataramenyekana amahera azorihwa mu kw’injira muri ico giteramo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 550