Inyuma y’ibiteramo bibiri Label ya Bantu Bwoy yaheruka gukora kimwe mu ntara ya Ngonzi icitabiriwe nabakunzi bataribake b’umuziki ikindi mu ntara ya Gitega ubu hagezweho Rumonge.
Kumusi wi Laidi niho label yose ya Bwantu bwoys izoba yishikiye muri iyo ntara guteramisha abakunzi b’umuziki baho ivyo bikaba biriko bigaragara inyuma yaho hamenyekaniye ko kizigenza wiyo Label ariwe Big Fizzo agiye gushira ahabona album ziwe zibiri nshasha arizo Desideratus na Legendary, nkuko bivurwa niyo Label zizoba ari album zirimwo indirimbo nshasha nizimaze gusohoka akaba azozishira ahabona kw’igenekerezo rya 12Ruheshi munyubakwa za IFB ahahoze hitwa EX CCF aho ubona ko nibiciro vyo kwinjira muri ico giteramo bazoriha amafaranga aboneka ibitari bimenyerewe mumuziki Ndundi atamunyamahanga arimwo.Kw’injira akazo ari ibihumbi 50.000 mukibanza gisazwe nayo mukibaza c’iteka akazoba ari ibihumbi 100.000 ,naco murikimwe bakunze kwita VVIP akazoba ari ibihumbi150.000 aha hakazoba harimwo nivyo gufungura nukunwa nurico kimbanza.
Ariko mwomenya imbere yuko ivyo bizoba nuko Bantu Bwoy izobanza gusimbira mu ntara ya Rumonge kumusi wi Laidi guteramisha abanya Rumunge mugiteramo kizobera kuri Stade Rumonge ariko hataramenyekana amahera azorihwa mu kw’injira muri ico giteramo.