Entertainmenthomepagekirundi

Ng’iki ikintu gikomeye Kidum Kibido yaraye ahanuye abaririmvyi

 

Kidum Kibido aravunira akagohe abaririmvyi bagenziwe kobogabanya kwibeshera mukwiyemera muvyo baba bariko barakora vyose.

Ivyo bikaba bibaye inyuma yaho umuririmvyi Big Fizzo avuze ko yize amashure mbere akanaronka Diplome des humanités générales muri Histoire ibitigeze bibaho kuva Uburundi bwokwitwa Uburundi. Hari kuri uwu wakane igenekerezo rya 8 Ndamukiza 2020 abicishije mukiganiro Hits Connexion gisazwe gica ku nsamirizi Buja Fm uwo muririmvyi akaba yavuze ko atakamaro ko kwibeshera mukwiyemera  aho nawe yaciye abazwa amashure yize akaba yishuye avuga ko wewe atamashure yamaze.

Kidum yabandanyije asigura aho yavuzeko umuntu aciye ubwenge ari umuntu yiyemera akemera icari niyo yavuye n’uko ameze,nayo ngo kubwiwe ngo ikijuju nurya yaronka ubusa kw’ishure mucirwa c’ikirundi ari ururimi rwa Nyina na Se.

Mwomenyeko Kidumu avuze ivyo inyuma yuko nawe yaheruka guhimiriza abamukurikirana ngo babandanye kwirinda umugera wa Corona-Virus utera ingwara ya Covid-19, ivyo yashikirije akoresheje urubuga rwa Facebook asanzwe akoresha, mu nyuma naho asohora akaririmbo Corna kasohokanye n’amasanamu maze impanuro ziwe zishike kure hashoboka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769