Entertainmenthomepagekirundiyouth

Ng’iki ikintu gikomeye Maréchal Femi de J’Abat asaba urwaruka rwoye kujana nyabahururu

Ni inyuma yuko abataribake bamaze imisi biyandikako kumubiri ivyo bita Tatouages umuririmvyi Maréchal Femi de J’Abat akaba ababwira ko bobiheba anatera akamo Reta ko ico kibazo yokirabira hafi amazi atararenga inkombe.

Aciye kuri rwa rubuga rwa Facebook yagize ati: “GUKEBURA : IZIJA GUHONA ZIHERA MURUHONGORE”.
“Nifuje gutera akamo urwaruka muri rusangi, ahanini rw’Uburundi ko rwokwitondera cane gukora ama Tatouages (sataniques) abatari bake bakora batanazi ingaruka zavyo zikomeye cane mu buzima bwababikora. Birateye agahinda. Turavahe turajahe? Ndateye akamo n’abategetsi bacu, ibi bintu ntibareke ngo vyake indaro mu bana b’Uburundi bari kurorera. Nimugarure nyabuna amazi atararenga inkombe. Ntankeka bibandanije ejo siheza kuri twese. Uno musi ni abo, ejo ni abana bacu twese. Imana idufashe!”

Mwomenya ko ikibazo co kwiyandikako canke kwicapako carikigiye kugira inguvu aho abenshi bagenda bicapako canke biyandikako amazina yabaririmvyi batandukanye munyuma bakabashimira aho baronka agashimwe kamahera ashika kokubihumbi amajana atatatu (300.000Fbu) aho tukababwira nk’umuririmvyikazi Natacha ko ariwe yar’amaze kuyaha abataribake ariko munyuma agaruka avuga ko yabihagaritse agiye kubandanya abategurira akazi keza nayo ngo abo bibandanya ruzoba arurukundo bariko baragaza kubamukunda ivyo batabona kumwe na mugeziwe we  Maréchal Femi de J’Abat akaba ahanura urwaruka ko nyabuna rworeka kwishirako ayo ma tatouages  kuko hari ingaruka bizana mu nyuma.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 770