Burundifootballkirundi_Sports

Ngiyi inyishu ya Général Muyenge Alexandre ku vyerekeye ishika rya Infatino na Mutsepe mu Burundi

Kuri uwu wa kabiri i genekerezo rya 15 Ruhuhuma 2022 harazindutse hacanacanako ku mbuga ngurukanabumenyi amakuru avuga ko uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA Gianni Infatino hamwe n’uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Africa Patrice Motsepe bagiye kugendera Uburundi.

Ayo makuru uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Générale de Brigade de la Police Muyenge Alexandre ntiyigeze ayahakana kuko biro mu migambi yabo , Muyenge Alexandre akaba yavuze ko gushika muri kano kanya abo bashingantahe bataremeza neza ko bagiye kuza mu Burundi.

Général de Brigade de la Police Muyenge Alexandre akaba yagize ati “Vyari mu migambi yabo yo kuza kugendera Uburundi ariko gushika ubu ntibaravyemeza.”

Mwomenya ko uwutwara FIFA amaze kugendera Uburundi ari Sepp Blatter hakaba hari mu mwaka wa 2005 aho yagiye atanguje ibikorwa vyo kwubaka ibiro FFB isanzwe ikoreramwo muri kino gihe.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 574