BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Ngo amazina ashigwa imbere nico gituma abanyempano mu Burundi badater’imbere

Nyamate ni umwe mubanyempano bakomeye Uburundi bufise ariko adashimishwa na gato n’uko abarundi bonyene ubwacu aritwe tudaha agaciro gakomeye impano zacu.

Abicishije munyandiko akunda gushira ahabona akenshi yanditse amajambo akomeye ubona ko yayandikanye umubabaro bivanye nuko yemeza ko aritwe dusambura canke gutakaza ababa baragerageje gukora cane ariko ivyabo ntibihabwe agaciro, mu butumwa bugufi Nyamate yanditse avuga ati :

“IBINTU N’IMANA. Abarundi igituma tudatera imbere nuko dusanzwe dukunda amazina, tutigera dukunda ibikorwa ngo dushire imbere impano maze ngo tuzishigikire”

Ayo ni amwe mu majambo yavuzwe n’uwo munyatugenegene abikora akoresheje inkofero (nyinshi), mugihe hari amwe mu majambo akunzwe kuvugwa cane na bamwe mu baririmvyi baba bagitangura, ariko iyo myidogo yose ugasanga iherera muma groups ya WhatsApp ariko bahabwa akanya ngo bavuge akari ku mutima bagatinya kuvuga Ukuri.

Ariko hagaca haba ukwibaza muvyukuri ikibazo co gushira amazina imbere nico gihanze Entertainment canke n’uko ivyo biba bihishirwa?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775